Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Murukino rw’igice c’umunani gishira icanyuma co mu nkino za Europa League ,umurwi w’umupira wamaguru wa Liverpool watsinze mukeba wawo Manchester United ibitsindo 2 vyose udakozemwo.

Murukino abantu isinzi bari bageranye igishika ncinshi cane ,haba kuruhande rwabakunzi b’umugwi wa Liverpool hamwe no kuruhande rw’abakunzu b’umurwi wa Manchester United ,umurwi wa Liverpool washoboye kwihererana umurwi wa Manchester uwutsinda ibitsindo 2 .

Uru rukino rutangura ,imirwi yose wabona ifise ishaka ryo gushaka igitsindo naho vyaboneka ko umurwi wa Liverpool wowe usa naho washaka intsinzi cane niraburya bari imbere yabakunzi babo ku kibuga ca Anfield cuyu murwi wa Liverpool.

Igice cambere caheze kunzitsi y’igitsindo kimwe c’umurwi wa Liverpool aho cari cnjijwe n’umusatirizi wabo Daniel Sturidge kumupira yatereye kuri penalty.

Mu gice cakabiri umurwi wa umurwi wa Manchester united wagerageje guhigisha ingene wogombora ico gitsindo wari watsinzwe ariko biba ivyubusa ,ahubwo kumunota wa 73 ,Firmino wa Liverpool yasizemwo ikindi gitsindo ca kabiri c’umurwi wa Liverpool kumupira mwiza yarahawe na mugenziwe Lallana.

Umumenyereza yishimiye igitsindo ca Kabiri

Umumenyereza yishimiye igitsindo ca Kabiri

Urukino rwaje guhera ,aritsinzi y’ibitsindo 2 vy’umurwi wa Liverpool kuri 0 kuruhande rw’umurwi wa Manchester United .

Uru rukino rukaba rwaranzwe n’amakarata y’umuhondo menshi kuruhande rw’umurwi wa Manchester United ndetse umupira ukaba waheze uyu murwi umaze guhabwa ikarata z’umuhondo 5.

Manchester United  ikaba yiteguye kuzokina urukino rwo kwishura kw’igenekerezo rya 17 ntwarante ku kibuga cayo Old Trafford kugira irabe ko yogerageza kwishura ibi bitsindo kugira ice ibasha kubandanya mu gice gikurikira.


Categories: Inkino, Muhira

Leave a Reply