Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Lionel Messi Umukinyi akomoka mugihugu ca  Argentine akaba na kizigenza w’ikipe ya Argentine akongera akaba umukinyi umurwi wa FC Barcelona igenderako kuko akunda kuyiha ibitsindo vyinshi n’ibikombe vyishi ,yongeye gutwara umupira w’inzahabu kuncuro igira gatanu.

Lionel Messi atahukanye uyu mupira w’inzahabu wiwe wagatanu aciyeko mukeba wiwe Cristiano Ronaldo hamwe na mugenziwe basanzwe bakinana mw’ikipe imwe Neymar Junior.

Batatu bariko barahiganigwa umupira w'inzahabu

Batatu bariko barahiganigwa umupira w’inzahabu

Ibitsindo 52 munkino 61 hamwe n’imipira ivamwo ibitsindo yahereje bagenziwe igera kuri 26 muruyu mwaka dusize inyuma niyo yatumye umukinyi Lionel Messi yenurira bagenziwe akaba ariwe ahigwa imbere ndetse agahambwa uyu mupira w’inzahabu.

1

Lionel Messi akaba abaye umukinyi wambere kuva isi yaremwa ashoboye gutwara imipira y’inzahabu itanu ,akaba ubu akaba arushije mukeba wiwe Cristiano Ronaldo imipira y’inzahabu ibiri.

.


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply