Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Lieutenant Col Darius Ikurakure yahora arongoye  ikambi ya gisirikare yo Kumuzinda  ahejeje kugandagurwa

Inkuru ibandanya icanacanako mu gisagara ca Bujumbura haba n’iraswa rya ,Lieutenant Col Darius Ikurakure  yahora aroongoye ikambi ya gisirikare yo kumuzinda .

Naho aya makuru ataremezwa n’igisirikare c’uBurundi ,amakuru ava ngaho mubiro bikuru vy’intwaza ngabo z’uBurundi aremeza ko uyu  Lieutenant Col Darius Ikurakure  yaraswe ndetse akaba yarasiwe mu biro bikuru vy’intwaza ngabo z’uBurundi aho benshi bita muri Etat Major.

 

Lieutenant Col Darius Ikurakure kw'ifoto

Lieutenant Col Darius Ikurakure kw’ifoto

Tubibutse ko Lieutenant Col Darius Ikurakure yagiye aravugwa cane mu bubisha bwagenda burakoregwa ababa bafashwe bariko bariyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ndetse akaba yakunzwe kwagirizwa guhohotera abasore cane bo mu bice vya Mutakura na Cibitoke.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic, umutekano

Leave a Reply