Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Leonidas Hatungima ,uwahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu ariko akaza guhunga igihugu kubera ukutumvikana kwiwe hamwe na sebuja kuvyari bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu yamenye amwe mu mabanga yivyahora bikorwa mu mugabwe iwabo CNDD FDD bakiri kumwe.

Nkuwusanzwe aserukira abavuye mu mugabwe CNDD FDD kubera ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ,akaba n’umwe mubari bazi amabanga menshi kubera yari yegereye ubuegetsi cane ,Leonidas Hatungimana yaciye kumayange ibintu bimwe bimwe nyamukuru mu vyagiye vyagirizwa intwaro ya CNDD FDD .

Muvyo yagiye aremanga ko vyabayeho ndetse akanavyemera harimwo nko kuba ngo Imbonerakure zari mu Kibira co muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo hamwe n’ibindi vyinshi bijanye n’ibituire hamwe no kugandagura abantu.

Leonidas Hatungimana yabandanije amenyesha ko hariho vyinshi bagiye bakora vyakingira abasanzwe batavuga rumwe n’ubutegetsi ariko ngo kubikora ngo kikaba cari igikorwa kitoroshe kubera abo baba bahanganye vyari bigoye kububahuka.

Raba Amashusho ya Leonidas ngaho musi

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

One Response so far.

  1. Maya says:

    None ko ivyo vyose vyaba abona kandi akaba atashobora kubihindura, none kuki atatanze imihoho kirya gihe nyene akabanza kurindira imyaka 10 yose??? Ngira yararindiriye kuzosubirira Nkurunziza!!!!

    Ivyo bavyita “PROPAGANDA”??? Abakera bati “akavuga inagore karagororoka”!

Leave a Reply