Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Leonidas Hatungimana yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu akaba numwe yari munararibonye za CNDD FDD kuva bakiva mw’ishamba ariko akaza kuva muruwo mugabwe mu kwezi kwa ndamukiza inyuma yaho Petero Nkurunziza afatiye ingingo yo kwitoza ubugira gatatu kugiti c’umukuru w’igihugu ,yamenyesheje impamvu nyamukuru yatumye ava mumugabwe CNDD FDD .

Leonidas Hatungimana yamenyesheje ko kuvavanuro burundu n’umugabwe CNDD FDD vyari ngobwa kuko bisigaye biboneka neza ko uwo mugabwe atagihanura usigaye ufise uravye amajambo indongozi zawo zisigaye zishikiriza.

Leonidas-Hatungimana

Leonidas Hatungimana kw’ifoto

Leonidas Hatungimana yabandanije amenyesha ko ubu umugabwe CNDD FDD usigaye irimwo abagumyabanga buzuye ubwoba gusa kandi banatinya ndetse ataco bashoboye guhanuracanke bakize  muruwo mu gabwe.

Tubibutse ko  Leonidas Hatungimana arikumwe n’izindi nararibonye zahoze mu mumugabwe wa CNDD FDD baheruka kumenyesha ko bakinjuye muruwo mugabwe burundi aho baciye bamenyesha ko bashinze umugabwe wabo mu shasha w’inararibonye zahoze muri CNDD FDD witwa:PPD GIRIJAMBO

Umviriza amajwi ya  Leonidas Hatungimana ngaho musi :

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply