Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukuru w’urunani ADC ikibiri akongera akaba numwe munararibonye z’umugabwe FRODEBU ndetse akaba n’umwe mubabarizwa muriki gihe mu runani rwa CNARED Giriteka (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.),yatangajwe cane nivyakozwe n’umukuru w’igihugu mu gice ca Rushubi ,aho yakura abakirisu mu rusengero kugira baje kumusanganira aho yaragiye.

Kubwa Léonce NGENDAKUMANA yamenyesheje ko ivyakozwe n’umukuru w’igihugu ari akamaramaza cane kubona umukuru w’igihugu yubahuka gusohora abantu bari murusengero bariko barahimbaza Imana kugira baje mubikorwa yarimwo ndetse Léonce NGENDAKUMANA wewe akaba asanga umugabwe CNDD FDD uzokwegera abarundi amahano y’Imana.

Tubibutse ko ibi vyabereye mu Rushubi kumusi wa gatandatu igenekerezo rya 19 ntwarante aho abanyeshure baharurigwa mu 1000 na 1200 basohogwa murusengero mugihe bariko barasenga bakaja kwakira umukuru w’igihugu mu bikorwa yarajamwo ngaho mu Rushubi.

Umviriza amajwi ya Léonce NGENDAKUMANA ngaho musi

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Muhira

Leave a Reply