Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Leonce Ngendakumana asanzwe arumwe mubatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Nkurunziza kuva bwajaho mu mwaka wa 2005 yamenyesheje kumugaragararo ko umwe mubana asanzwe atunze munzu iwiwe nawe yagira aje kugurishwa mubihugu vya Asia n’abasanzwe bari kubutegetsi.

Mu majwi ,umushingantahe Leonce Ngendakumana yamenyesheje ko umwe mubana b’abigeme basanzwe baba munzu iwiwe yaje kuronderwa kugira ajwana mu bihugu vya Asia aho bavuga ko baba bagiye kubaha akazi keza.

Ibi Leonce Ngendakumana yabivuze inyuma yaho amwe mumashirahamwe y’igenga amaze imisi amenyesha ko abigeme bashika 100 aribo boba barurijwe indege y’ishiramwe Ethiopian Airways ibajana mu bihugu vya Asia aho ngo bagenda bagiye guhabwa akazi ariko bagerayo ngo bagakoreshwa ibindi biba binyuranye nivyo bavuye mu Burundi babwiwe ko bagiye gukora.

Naho Leonce Ngendakumana yasize ahabona ico gikorwa kigayitse kuruhande rwa Reta y’uBurundi bobo bavyamirira kure ndetse bakamenyesha kwatarucuruzwa rwabigeme ruriko rurakorwa .

Pierre Nkurikiye asanzwe avugira igipolisi c’uBurundi aheruka kumenyesha ko ,ibivugwa ko hoba hariko haracuruzwa abigeme mubihugu vya Buraya ari ikinyoma cambaye ubusa ahubwo aca agirako amenyesha ko bagerageza gukora ibishoboka vyose kugira babandanye bakingira urwaruka rushaka kujanwa murubwo bubisha ndetse aca agirako amenyesha ko baheruka gufata abagore batatu harimwo n’umunyakenyakazi bari murico gikorwa co gushaka guca gucuruza abana b’abigeme muri bimwe mubihugu vya Asia.

Umviriza Leonce Ngendakumana mu majwi ngaho hasi

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply