Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’igihe kirenga amezi atanu amakungu asemerera yongera asaba  reta y’uBurundi ko yoja mu Biganiro nabo batavuga rumwe ndetse na reta ikavyemeza kwagiye gutanguza ibianiro ,ariko amaso agahera mu nzira kuko gushika niyi saha atabiganiro bihuza abasanzwe baramutswa uBurundi hamwe nabo batavuga rumwe mu vyapolitike biratangura,umwe mu basanzwe bafatwa nk’umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi  asanga ibi biganiro biguma bidindizwa na Petero Nkurunziza.

Nkuko vyashikirijwe na Leonardo Nyangoma umukuru w’urunani CNARED GIRITEKA (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.)Leonardo Nyangoma, yongera gutunga urutoke  umukuru w’igihugu  Petero Nkurunziza kwariwe nkwezi yamarere yibibera mu Burundi ndetse kwatanashaka kwitaba ibiganiro kugira uBurundi busubire gutungana.

Mu majwi ya Leonardo Nyangoma ,yatunze urutoke Petero Nkurunziza ndetse amwagiriza ko uBurundi yabugize umunyororo ndetse ko ari nawe  mukuru wuwo munyororo .

Leonardo Nyangoma yabandanije asaba Petero Nkurunziza kwemera kuja mubiganiro hakiri kare kuko ngo kuriwe asanga hazogera igihe abasanzwe bari ku butegetsi   mu Burundi bazoshaka kuja mu Biganiro bitagishoboka.

Umviriza Leonardo Nyangoma mu majwi ngaho musi

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply