Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Leonard Nyangoma yahora arongoye urunani CNARED(Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.)akongera akarongora n’umugabwe CNDD  yamenyesheje kumugaragaro icatumwe akurwa kumabanga yo guserukira urunani CNARED.

Nkuko yabitangarije insamirizi y’abanyamerika ,kuruyu wa 26 ntwarante 2016 ,Leonard Nyangoma yamenyesheje ko ikurwa ryiwe kuburongozi bw’urunani CNARED atari ikintu  gishasha kuriwe kuko kuva kera yamye ashaka gukurwa kuko bamwe mubo bari basanzwe bari hamwe bamwwagiriza gukwega ibirenge mu ngingo zimwe zimwe.

Ibintu bibiri nyamukuru  Leonard Nyangoma yashikirije ko biri muvyatumye bamwikiza kuburongozi bw’urunani CNARED.

1: kudashinga reta yabasanzwe bari muri CNARED ngo ikorere hanze y’igihugu.

2:Kubona ko ikibazo c’uBurundi kizokemurwa ubwambere n’abanyamahanga (aha nyangoma akaba yamenyesheje ko nkumurongozi wa CNARED yabwira bagenziwe ko ikibazo c’uBurundi gitegerezwa gutorerwa umuti ubwambere n’abarundi hanyuma abanyamahanga bakaza gufasha mu vyoba vyananiranye.)

Umviriza mu majwi bwana Leonard Nyangoma yarasanzwe aserukira urunani CNARED.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply