Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umunyamabanga mukuru w’Inama ijejwe umutekano kw’isi ONU bwana Ban ki Moon ,kuruyu wambere yamenyesheje ko kurungika abasirikare bajejwe kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu c’uBurundi biri mungingo zitatu zihutirwa kugira uburundi buve muryane ariko akaba yasize ubwambere umurwi mukuru wa UNU ugiye kurungikwa mu Burundi mu numbero yo gusaba impande zose kugira ibiganiro bihuza bose.

Ban ki Moon umunyamabanga mukuru wa Onu yasizeho ingingo 3 zihutirwa kuburundi

Murizo ngingo 3 Ban Ki Moon yasizeho harimwo ,ukurungika intumwa zijejwe agateka kazina muntu mu Burundi,ukurungika umurwi wabahinga ba ONU kugira baze gushigikira ibiganiro bihuza bose,canke ukurungika abasirikare mpuzamakungu bahagararira amahoro kw’iki.

Murizo ngingo zose zafashwe na Bwana Ban ki Moon ,iyasizwe imbere n’ingingo yo kurungika vyihuta abahinga ba ONU kugira baze gufasha abatavuga  reta ya Nkurunziza kuganira nabo batavuga rumwe kugira umuti w’ikibazo kiri mu Burundi utoregwe umuti.

M’urwandiko abarenga 15 bari munama nkuru y’umutekano kw’isi  baheruka kurungikira bwana Ban ki Moon bamumenyesheje ko uBurundi bugeze mubihe bibi cane kandi ko hategerezwa gufatwa ingingo ruhasha zibereye kugira umutekano n’amahoro bigaruke mu Burundi.

Ban Ki Moon akaba yahejeje amenyesha ko umurwi wabahinga ba ONU wamaze gutunganwa ,kandi kugiye kurungikwa vuba vyihuse mu Burundi kugira usabe impande zose kuja hamwe kugira ziganire kugira zitorere umuti ikibazo c’uBurundi,anamenyesha kwariko akorana cane n’abategetsi bo mukarere kibiyaga binini kugira batorere umuti ikibazo c’uBurundi amazi atararenga inkombe.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply