Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ari mukiganiro gica ku mboneshakure y’igihugu c’uBufaransa izwi nka TV5 du Monde,umuvugizi w’urunani CNARED (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.)yashikirije muri make ibibera mu Burundi yongera abeshuza ibinyoma yise ko bikorwa n’ubutegetsi bwa CNDD FDD.

Nkuko yavyiganiye umumenyesha makuru yariko araremesha ikiganiro kizwi nka “64Grand Angle”kuri TV5du Monde, Pancrace Cimpaye asanzwe avugira CNARED yibanze cane kukubeshuza ibinyoma bikorwa n’umugabwe ari kubutegetsiCNDD FDD , ndetse anashimangira ko ikibazo c’uBurundi giterwa na Petero Nkurunziza yihaye gutwara imyaka irenga 10 kandi bari bararumvikanye mu masezerano ya Arusha kwatawuzotwara uBurundi kurenza imyaka 10.

Pancrace Cimpaye yabandanije amenyesha ko no kugira abarongozi babi kiri muri kimwe mubituma uBurundi buri mu ryane za Politike .

Umviriza Pancrace Cimpaye mu majwi mukiganiro yagiranye na TV5 du Monde.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply