Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umurwi w’umupira w’amaguru  userukira igihugu  ca Nigeria uzwi nka Golden Eaglets waraye wubatse amateka mumupira wamaguru kw’isi yose ,aho watsinda umurwi nserukira gihugu wa Mali murukino rwanyuma rw’igikombe c’isi cabatarengeje imyaka 17.

Iyi ntsinzi ya Golden Eaglets yari yaserukiye Nigeria murico gikombe c’isi cabatarengeje imyaka 17 yatumye uyu murwi wa Nigeria ugumana igikombe wari waratahukanye mumwaka wa 2013 ,kuko no muruwo mwaka wa 2015 umurwi wa Nigeria ariwo wari washoboye gutahukana ico gikombe c’isi cabatarengeje imyaka 17 .

Uyu murwi wa Nigeria wari watwaye iki gikombe mu mwaka wa 2015

inkino

Intsinzi rero yuyu murwi wa Nigeria ,Golden Eaglets bayikesheje abakinyi babo aribo Victor Osimhen yinjije igitsindo c’uyu murwi ca mbere mugice ca kabiri c’urukino aho akaba hari kumunota wa 56 ,ariko bidatevye mugenziwe Funsho Bamgboye yongeyemwo ikindi ca 2 kumunota wa 59 bica biha intsinzi uwo murwi wa Nigeria ,mugihe umurwi nserukira gihugu wa Mali utigeze ubona igitsindo na kimwe gushika urukino ruhere.

Umunezero wari mwishi kubakinyi ba Golden Eaglets ,kuko muribo harimwo benshi bagiye batahukana udushimwe dutandukanye kubera bagiye begenza neza murico gikombe c’isi cabatarengeje imyaka 17.

Inyuma yurwo rukino hatanzwe udushimwe harimwo imipira y’inzahabu hamwe n’ibirato vy’inzahabu ,abakinyi ba Nigeria akaba aribo batahukanye udushimwe twinshi

Umupira w’inzahabu (Adidas Golden Ball) utangwa na Adidas ukaba watahukanwe na   Kelechi Nwakali ,uyu akaba ari umukinyi wa Golden Eaglets ya Nigeria ,mugihe ikirato c’inzahabu catahukanwe na  Victor Osimhen (Nigeria) yaninjirije Nigeria murukino rwanyuma ,mugihe ikiganza c’inzahabu  (Adidas Golden Glove)catahukanwe na  Samuel Diarra (Mali) umunyezamu w’umurwi wa Mali

Iyi rero ikaba ibaye incuro ya 5 umurwi wa Nigeria utwaye iki gikombe c’isi cabatarengeje imyaka 17 inyuma yo kugitwara mumyaka ya 1985, 1993, 2007, 2013 na 2015.

 


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply