Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kumyaka 41 yamavuko ,umuhinga Richardo Azevedo  akomoka muri Bresil yasize mungiro ivyahora arindoto kuri benshi ,akora imoto yo kwiyunguruza ikoresha amazi mukibanza c’igitoro (essance canke mazutu)

Kumyaka myishi yaheze hagiye havugwa cane ko hoba harigeze kuba hari imodoka igenda hakoreshejwe amazi ,ariko abantu ntibigeze bayibona ,ndetse vyanatumye benshi batavyemera kuko iyo modoka itigeze iboneka ,ariko ubuho ivyahora ari inkuru vyabaye ukuri kuko umuhinga wo mugihugu ca Bresil yamaze gukora imoto yo kwiyunguruza ikoresha amazi.

Iyi moto uyu mugabo yakoze izwi nka “Tpower H20 motorbike,yakorewe mugisagara gikomeye ca Bresil citwa Sao Paulo muri Bresil na Richardo Azevedo

Iyi moto yuyu muhinga wumunya Bresil ishobora kugenda ahangana na kirometero 500 ikoresheje iritiro imwe gusa y’amazi ,iyi moto ntamazi yihariye isaba kugira igende ahubwo upfa amazi yose usizemwo akira gusa kuba atamwanda arimwo.

Nkuko vyabandanije bitangazwa na Richardo Azevedo  yakoze iyi moto yamenyesheje ko iyi moto ikora hifashishijwe ibateri hamwe n’amazi gusa

Muri video yasize hanze ariko arerekana ingene iyo moto yiwe ikora hakoreshejwe amazi Richardo Azevedo yakoresheje amazi yarafise mugicupa ariko aragendana ,ayashira muri ya moto imbere yabamenyesha makuru ,ahejeje yatsa imoto yiwe aragenda.

Richardo Azevedo yabandanije amenyesha ko iyi moto yiwe ifise ivyiza vyinshi kuko ituma atatakaza urufaranga narumwe mukugura ibitoro kandi kwiyi moto yiwe atangaruka mbi nimwe yotera mukwonona ikirere nkizari zisanzwe zihari.

Richardo Azevedo yase kugira icatangaje kuvyerekeye ko yohava akora nyishi zigakoreshwa n’abantu bose ariko amenyesha ko yizera neza ko ariwe abaye uwambere ashitse kurubwo buhinga ,kandi kwazoguma akora kugira abandanye ashiramwo  ivyotuma iyo moto yiwe igumana agaciro kurusha.

Raba hasi Video ya Richardo Azevedo ariko yerekana ukungene Moto yiwe isanzwe ikora.

 


Leave a Reply