Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

CNARED (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit)canke Inama nkuru y’igihugu yihaye intumbero yo kurwanira amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu c’uBurundi  yandikiye umuhuza m’ukibazo c’uBurundi ndetse yandikira n’abakuru bibihugu vyo mukarere ka East Africa bose abamenyesha kw’ibiganiro bigiye kuba ari nk’inkinamico yateguwe n’uButegetsi bwa Petero Nkurunziza.

Mw’ibaruwa urwo runani CNARED rwasize ahabona rishikirijwe n’uwusanzwe arongoye urwo runani bwana Leonard Nyangoma kuruno wa kabiri  igenekerezo rya 22 kigarama 2015 ,bwana Leonard Nyangoma yandikira umukuru w’igihugu ca Uganda bwana Yuweri Kaguta Museveni ,yamwibutsa ko gushika aya masaha urunani CNARED rutararonka ubutumire bwo kwitaba ibiganiro bitegekanijwe kubera mugihugu ca Uganda.

Nkuko bitegekanijwe kandi vyatangajwe n’umukuru w’igihugu ca Ugandan ,bitegekanijwe ko ibiganiro bizohuza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza ko bizotangura itariki 28 kigarama mugihugu ca Uganda.

Ibi biganiro bikaba vyatumiwemwo imigwi ishika kuri 14 bivugwa kwariyo igwanya ubutegetsi bwa Nkurunziza ariko kuruhande rwa CNARED yoyo isanga iyo mirwi yose kwari 14 ari abasanzwe bari kuruhande nyene rwa Nkurunziza ,ataco bazoshikako mugihe abasanzwe barwanya uButegetsi bwa Nkurunziza ari CNARED kandi ikaba itatumweko.

Isomere hasi ibaruwa  ryose rya CNARED yandikiye umukuru w’igihugu ca Uganda.

12360244_519386921577635_8329569961878148131_n  10388677_519386954910965_6537952207693635531_n10408647_519386964910964_6954690657556001248_n

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply