Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

 

Inyuma yaho  bwana Valantin Bagorikunda, umushikirizamanza mukuru wa reta y’uBurundi asohoye inzandiko (imitahe)zisaba ibihugu bisanzwe bifise bamwe mubasanzwe bagirizwa amabi atandukanye mugihugu c’uBurundi ko bofatwa bakarungikirwa ubutungane bw’igihugu c’uBurundi  ariko iyo mitahe yose igasohoka atazina rya general NIYOMBARE ririko kandi ariwe yagirizwa cane kwariwe yashatse gutembagaza ubutegetsi bwa NKURUNZIZA itariki 13 rusama 2015  ,akaba ari nawe yari kwisonga nkuko nawe yavyivugira ,ubu rero benshi batanguye kugira amakenga kuvyerekeye iyo ntwaza ngabo

NIYOMBARE Godefroid

1:Bamwe batanguye kwiyumvira ko niyombare godefroid yoba yaritavye umuremyi

Inyuma yaho hasohorewe imitahe yo gusaba guhagarikwa kwabagize uruhara mumigumuko yabereye mu Burundi hakaburamwo izina rya Niyombare godefroid abantu benshi batanguye gusa naho bemera inkuru benshi bafata kwari ibihuha zavugwa ko Niyombare godefroid yoba yishwe mumirwano yahuje abari batembagaje ubutegetsi mugihe bari bagiye gufata iradiyo na television vy’uBurundi RTNB.

2:Kurundi ruhande abandi bakibaza yuko NIYOMBARE  Godefroid yoba ari kubutaka bw’uBurundi

Kurundi ruhande abantu ntubatangajwe no kubona NIYOMBARE  Godefroid   yavugwa ndetse akaniyemerera kwariwe yatembagaje intwaro ataza kurutonde narumwe kuko hari amakuru yemeza ko ashobora kuba atigeze ava ngaho mugihugu c’uBurundi ,ahubwo ko yoba yahungiye munzu ya bumwe mubuserukizi bw’igihugu kimwe mubisanzwe biri iBujumbura.

3:Abandi bemeza ko NIYOMBARE  Godefroid afise igisoda atwara atamuntu numwe azi aho aherereye.

Kuzindi nkuru zibandanya zivugwa zemeza neza yuko NIYOMBARE  Godefroid agiheza kubona ko ivyo gufata ubutegetsi bimunaniye bimwankiye yaciye ahunga ,ndetse munyuma akaba ngo yarisunganije ari kumwe nabandi bakaza gukora igisirikare coba gitegura gutera uBurundi mumisi ya vuba .

Tubibutse ko   itariki 13 rusama  2015 wabaye umusi wanyuma humvikana ijwi ry’uyu musirikare yarakomeye cane mugisirikare c’uBurundi (FDN) kandi akongera akaba numwe mubari bakomeye mumugabwe uri kubutegetsi CNDD FDD gushika uyu musi rero bwana  NIYOMBARE  Godefroid  ntarasubira kumvikana na rimwe ,ivyo bikaba biri mubitera amakenga benshi ndetse bigatuma abantu bagira ibibazo vyinshi kuruyu musoda niraburya ubutegetsi burongowe na NKURUNZIZA butigeze bugira ico butangaje kuruyu mugabo

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply