Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Rwasa Agathon,Umushingamateka yatowe muntara ya Ngozi ,akongera akaba icegera c’ambere c’umukuru w’inama nshinga mateka y’uBurundi ndetse akaba  n’umwe mubaza imbere mubatavuga rumwe  n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza yabonetse kuncuro yambere mu Biganiro bihuza abarundi kandi yaheruka kumenyesha ko kuja mwivyo biganiro aruguta umwanya.

Kuruyu wakane igenekerezo rya 11 ruhuma 2016,mu Ntara ya Ngozi ,aho hazinduka haba ibiganiro bisanzwe biriko biraba mugihugu cose bihuza abarundi,bwana Rwasa Agathon arikumwe n’abandi banyacubahiro batowe muriyo ntara ya Ngozi babonetse murivyo biganiro aho mbere abenshi bagiye bafata amajambo.

Rwasa Agathon yafashe ijambo mu biganiro agira ico ashikirije

Ibi vyatangaje abatari bake bivanye namajambo umushingantahe Rwasa Agathon yaheruka gushikirza aho yamenyesha ko ibiganiro vy’amahoro biriko nirahuza abarundi  bifashijwemwo n’umurwi CNDI ataho bizoshika kandi ko arinkoguta umwanya.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply