Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

 

Uruyoya rudakwije ikiringo  c’umwaka rwarokotse isanganya ry’indege ryabereye muri Sudan yepfo aho indege ya Cargo yabarusiya yagira isanganya ikaza guhitana abarenga 36.

Iyo ndege yagiye mugihugu ca Sudan yepfo inyuma y’umwanya muto ihagurutse kuko yaguyekumetero 800 gusa imaze guhaguruka.

Nkuko bitangazwa na croix rouge yashitse murico kibanza ubwambere kugira irabe ko harico yokiza inyuma y’iryo sanganya,yamenyesheje ko hamaze kuboneka ibiziga vy’abantu bagera kuri 36 bari muriyo ndege,ariko ko hari umwana w’uruhinja akiri muto cane yatowe agikomeye ,ndetse akaba ariwe amaze kuboneka gusa agihema mugihe bari bagihigisha irengero ryabandi bari muriyo ndege.

Iyi ndege ngo yoba yahatiwe kuguruka kandi yari ifise ibibazo vyatuma itemererwa kuguruka 

Iyi ndege rero ikaba yahitanye n’abanyamahanga bari basanzwe bayitwara ,aho harimwo umurusiya umwe hamwe nabandi 5 bakomoka muri Armenia,iyi ndege ya Cargo ikaba yarimaze imyaka irenga 45 ikorera murico gihugu ca Sudan y’epfo ,ikaba yarisanzwe ikukira imwe muri company (ishirahamwe)ricuruza ubutare ryo muri sudan yepfo.

Iyi ndege ikaba yari yakorewe mugihugu c’uBurusiya (URSS)mumwaka wa 1971 ,ariko ikaba yarisanzwe ifise inumero iyiranga yo mugihugu ca Tadjikistan.

indege2:bishasha.com

 


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply