Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umuvugizi w’urunani,CNARED (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit) rwihaye kurwanira amasezerano ya Arusha hamwe n’ukubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’uBurundi ,umushingantahe bwana Pancrace CIMPAYE yaneguye cane ingingo yafashwe n’inama ijejwe umutekano kw’isi aho iheruka kwemeza irungikwa ry’abapolisi bagera kumajana abiri mu Burundi.

Bisabwe n’igihugu c’uBufaransa kimwe mubihugu bifise ijambo ridasanzwe mu nama ijejwe ikibazo c’umutekano kw’isi barikumwe n’ibindi bihugu biri munama ijejwe umutekano kw’isi bemeje irungikwa ry’abapolisi mu Burundi kuza kwirabira muvyukuri ibibera mu Burundi .

Naho iyi ngingo yafashwe ntiyakiriwe kumwe nimpande z’ibiri zisanzwe zirabana ayingwe mukutumvikana mukibazo ca Politike mu Burundi .

Kuruhande rumwe iyi ngingo y’ishirahamwe rijwejwe umutekano kw’isi  ONU  isa niyanezereje abasanzwe bari kubutegetsi mu Burundi ,mugihe kurundi ruhande isa niyababaje cane abasanzwe barwanya ubutegetsi bw’iBujumbura .

Nkuko  vvyashikirjwe n’umuvugizi wa CNARED giriteka nawe nyene vyumvikanye neza cane ko, kuruhande rw’urunani asanzwe avugira ko batashimishijwe nagato n’iyo ngongo  y’irungikwa ry’abapolisi mu Burundi.

Kubw’umuvugizi wa CNARED giriteka , Pancrace CIMPAYE asanga aba bapolisi bazorungikwa mu Burundi atakindi bazoba baje gukora atari kuba indororerezi z’abanyagihugu bazirigwa baricwa ijoro n’umurango, Pancrace CIMPAYE akaba yabandanije amenyesha ko uBurundi budakwiye abapolisi ahubwo ko bakwiye ingabo zoza gukiza abarundi birigwa baricwa n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza.

Umviriza amajwi ya  Pancrace CIMPAYE ngaho musi

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Politic

Leave a Reply