Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Georges Chikoti ,Umunyamabanga mukuru aserukira ishirahamwe  CIRGL(conférence internationale sur la région des Grands Lacs )rihurikiyemwo ibihugu vyo mukarere kibiyaga binini(la region des Grands lacs)yandikiye abategetsi bu Burundi ,urwandiko rubamenyesha ko icicaro gikuru  c’ishirahamwe rya CIRGL ibaye irakuwe (irimuwe )vyagateganyo mugisagara ca Bujumbura.

Mururwo rwandiko bwana Georges Chikoti yamenyesheje ko yisunze umutekano muke urangwa mugisagara ca Bujumbura ,aho usanga abantu bapfa kumusi kumusi ,hagatorwa ibiziga umusi kumusi ndetse nama grenade agaterwa izuba riva ,iryo shirahamwe ryaciye rihitamwo kwimukira mugihugu ca Zambia mugisagara ca Lusaka kugira ribandanye ibikorwa vyaro mumahoro n’umutekano.

Mururwo rwandiko nyene Georges Chikoti yabandanije asaba ko reta yu Burundi yokwihutira cane ikibazo c’umutekano kuko atagikozwe uburundi bushobora gusubira muryane canke bugasubira mubihe vy’intambara,Georges Chikoti yamenyesheje kandi  kwagiye gusaba ubumwe bwa Afrika kurungika abajejwe agateka kazina muntu mu Burundi kubwinshi kugira bakurikiranire hagufi ikibazo co mu Burundi.

Tubibutse kw’icicaro gikuru ca CIRGL (conférence internationale sur la région des Grands Lacs ) cahora kibarizwa kumurwa mukuru w’uBurundi iBujumbura.

Ubu rero bikaba bigoye kumenya neza nimba iryo shirahamwe rizokwongera kugaruka gukorera ngaha iBujumbura niraburya hasigaye harangwa umutekano muke ,kandi akaba arico basize imbere kugira bimukire mugihugu ca Zambia.

Raba hasi amafoto y’ibaruwa rya bwana Georges Chikoti

12219427_986392408093728_8250469943678499095_n 11204894_986392438093725_338594364377323091_n 12243018_986392461427056_5419363708993529780_n

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply