Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kim Jong Un, umukuru w’igihugu ca Korea ya Ruguru yongeye gukora mw’ibanga ridasanzwe igikorwa co guhasha abasanzwe barya ibiturire mugihugu ciwe.

Nkuko bitangazwa n’ikinyamakuru co muri Korea yepfo ,uyu musirikare yaciwe umutwe yarumwe mu nararibonye mu gisirikare ca Korea ya Rugura ndetse akaba yari no muri bamwe bakunda gufasha uyu mugabo Kim Jong Un gukora ibirwanisho mu mugambi wiwe yihaye wo gukora ibigwanisho ruhonyanganda.

Umukuru w’ingabo General Ri niwe yaciwe umutwe  na Kim Jong Un , General Ri  yaciwe umutwe kubera ukwagirizwa kuba umunyabiturire  mukunyereza amwe mu mahera yo muri rimwe mw’ihinguriro rikora ibirwanisho risanzwe riri mu Ntara ya Jilin iri mu buraruko bw’igihugu.

Naho uyu mugabo yagandaguwe ntivyigeze bimenyekana murico gihugu  kuko Kim Jong Un  yamugandaguye mu buryo bunyuranye nubwo yahora akoresha kuko iyo yashaka kwica umuntu yakoze amakosa yamushira imbere y’isinzi yabantu akamwica barorera,ariko ubu akaba yabikoze mw’ibanga ridasanzwe ndetse abantu bakaba bamenye ko uyu mu General Ri yagandaguwe inyuma yuko haheze amezi abiri yose yaraburiwe irengero.

Kim Jong Un iburyo ,ibubafu ni General Ri yaciwe umutwe azira ibiturire

Kim Jong Un iburyo ,ibubafu ni General Ri yaciwe umutwe azira ibiturire

Ibi siryambere bibaye kuruyu mukuru w’igihugu asanzwe afatwa nk’umwami muri Korea ya Ruguru kuko no mu mwaka wa 2014 yahaye ibwa umwe mubasirikare bo mu muryango wiwe ziramurya imbere y’isinzi yabantu nawe amwagiriza kurya ibiturire.

Kim Jong Un akaba asanzwe afatwa nk’umwe mubakuru bibihugu kw’isi atwarisha amategeko akaze ndetse akaba akunze gukora ibintu bituma isi yose inamutinya harimwo nko gukora ibirwanisho ruhanya nganda.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply