Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Snowcay umwe mubaririmvyi babarundi asanzwe akorera umwuga w’iwe wo kururimba mugihugu c’uBushinwa(Chine )kubera ariho asanzwe akurikiranira ivyigwa vyiwe ,yatumenyesheje kwagiye gusohora urukurikirane rwiwe rwambere kuva yatangura kuririmba.

Nkuko yabidutangarije Snowcay ,yatumenyesheje ko muruyu mwaka wa 2016 agiye gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo zimwe zishika kuri 12.Urwo rukurikirane rwa Snowcay rukazosohoka kw’izina rya “KOMESHA”.

Snowcay yabandanije atumenyesha ko izi ndirimbo 12 zizoba ziri kururu rukurikirane rwiwe(album)ko ruzoba rugigwe ahanini n’indirimbo z’umudiho wa HIPHOP ,ariko ko hazoba harimwo n’izindi zizoba ziri mumudiho wa Rnb.

Tubibutse ko Snow cay asanzwe ariwe akuriye umurwi wa Overdo Team Forever(OTF) nawo usanzwe uri mu mirwi ukundwa cane ngaha mu Burundi mu ndirimbo za HIP HOP.

Umviriza hasi rumwe mururimbo rw’umurwi wa Overdo Team (Turarayo by Overdo team)

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Leave a Reply