Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kireko umwe mubakinyi ba Ninde ,ndetse ari muri umwe mubakinyi ba Ninde bakundwa cane n’abakunzi bigikino Ninde ,yahuriye murukino rw’umupira w’amaguru na Mukurukuru ,umwe mubamenyesha makuru basanzwe bazwi cane  mugutwenza abantu kw’iradiyo .

Uru rukino rwahuje aba banyabugenegene babiri rwari urukino rwa Kivandimwe rwahuje kuruyu w’Imana igenekerezo rya cumi nzero 2016 ,umugwi wa Vital’O hamwe n’umurwi wa Messager yo mu ntara ya Ngozi.

Mukurukuru uwambere uvuye ibubafu mu mwambaro wa Messager y'Ingozi ,Kireko uwakabiri uvuye iburyo mu mwambaro wa Vital'O

Mukurukuru uwambere uvuye ibubafu mu mwambaro wa Messager y’Ingozi ,Kireko uwakabiri uvuye iburyo mu mwambaro wa Vital’O

Uru rukino rwa kivandimwe rwahuje uyu murwi ya Vital’O hamwe na Messager y’iNgozi rukaba rwabereye kukibuga c’umupira c’itiriwe Rukundo kiri kumurwa mukuru w’iNtara ya Ngozi,uru rukino rukaba rwaheze ari intsinzi y’igitsindo kimwe ca Vital’o kubusa bw’umurwi wa Messager y’Ingozi.

Aba banyatugenegene bose bakaba barose akanya ko kwinjira murukino ariko baza gukina umwanya muto cane baca barasubirigwa.

Abanyagihugu bo mugisagara ca Ngozi bakaba bishimiye cane abo bakinyi bari basanzwe babona muyindi myuga bariko barakina umupira imbere yabo ndetse kireko wewe akaba yahawe amashi menshi na cane cane ko yinjiye mukibuga yambaye kukuboko ucerekana kwariwe kizigenza w’umugwi wa Vital’O.

Kireko yambaye igitambara ca Kizigenza w'umugwi wa Vital'o ariko arishusha

Kireko yambaye igitambara ca Kizigenza w’umugwi wa Vital’o ariko arishusha

Uru rukino rukaba rwari rufashwe mu mugongo n’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Econet Leo ndetse naba babiri Kireko na Mukurukuru bakaba basanzwe bafitanye amasezerano niri shirihamwe rya Econet Leo.

.


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply