Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kingwendu-1

Rashidi mwinshehe azwi cane kw’izina ryakazi asanzwe akora nka Kingwendu yatsindiye umwanya wo kuba umwe mubashingamateka b’igihugu ca Tanzania mumatora ico gihugu cakoze kumusi w’Imana.

Kingwendu yari yaserukiye umugabwe utavuga rumwe na reta ya Tanzania ariwo CUF ariko bakaba bari bagiye murunani hamwe n’umugabwe waza imbere muyikomeye itavuga rumwe na reta ariwo CHADEMA.

Bwana Kingwendu rero akaba yatowe nabanyagihugu bagera kubihumbi umunani gusa 8.000 ivyo  bikaba vyatumye aca aza kumwanya wakabiri  mugice  yariko arahiganwamwo akaba yaciye aza akurikiye  mugenziwe bariko barahiganwa yava mumugabwe CCM ariwe bwana Seleiman Jafo.

Kingwendu akaba  yatowere kuba umushingamateka wo mugice bita KISAWARE  ,akaba arimwe muri district 6 zigize igice ca Pwani

Kingwendu akaba yarasanzwe akina amareresi yo gutwenza ndetse akaba yanakunda kuza mugihugu c’uBurundi aje mubikorwa vyiwe vyo gukora uwo mwuga wo gutwenza.

Abantu benshi rero bakaba bishimiye itorwa rya Kingwendu murayo mabanga kuko ngo benshi basanzwe bazi kwarumuntu afashanya kandi akibera umuntu w’amahoro .

kingwendu yatowe kuba umushingamatekla2664887526_small_1


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

One Response so far.

  1. Epimac says:

    Turamukeje, Kingwendu, Kuko Ni Umunyamahoro, Abamutoye N’abatamutoye Azobakorere Bose, Kanatsinda Akunda Abantu Bose.

Leave a Reply