Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Nimbona Jean Pierre Kidum benshi batazira Kibido canke Kibuganizo ,yerekanye urukundo akunda Donald Trump ,umwe mubahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika mu matora agiye kuba muruku kwezi kwa kigarama .

Ibi Kidum yabikoze abicishije kuruhome rw’iwe rw’ingurukana bumenyi Facebook aho yashira ifoto asa kuri Facebook yiwe ,asa nayo yihinduye mw’ishusho rya Donald Trump ndetse yongeye n’amazina yuyu mugabo mu mazina yiwe .

capture

Ifoto Nimbona Jean PierreKidum yasize kuri Facebook

Iki gikorwa ca Kidum catangaje benshi na cane cane abantu barenga 5000 basanzwe bakurikira ibikorwa vyiwe kuri Facebook ,ndetse hakaba ari bamwe bagumye bamusaba ko yofuta iyo foto yerekana kwariko arashigikira umuntu yankwa n’abanyafrika isinzi kuko nawe yigeze gutangaza ko mugihe yotorwa agatwara Amerika ico yokwihutira ari kwirukana abanyafrika baba muri Amerika.

Ifoto ya Donald Trump

Ifoto ya Donald Trump

Kidum rero akaba abaye umuririmvyi wambere haba mu Burundi canke muri Africa y’ubuseruko yerekanye kumugaragaro kwashigikiye Donald Trump .

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kumwanya kuri Facebook

.


Categories: Burundi, Muhira, Umuziki

Leave a Reply