Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yo gusubiramwo ibibuga vy’umupira w’amaguru vyo mu ntara hagati mu gihugu  nka  Gitega ,Ngozi hamwe na Rumonge hagashigwamwo ubwatsi bwa kijambere hakongerwa hakubakwa n’ubwugamo bushasha abakunzi b’umupira bazoza baricaramwo mu kuraba umupira ,ubu naho hashikiriwe intara ya Kayanza

Inyuma y’igihe kitari gito   abarongoye iyi ntara ya Kayanza batanguye gusubiramwo ikibuga ca Gatwar kiri kumurwa mukuru w’intara ya Kayanza ,amakuru ava ngaho muriyo ntara aremeza ko iki kibuga camaze guhera ubu bakaba batanguye kugikoresha ukuri kwamye.

1913214_10152355543232774_976435601_o

Ifoto yo mu mwaka wa 2014 aho bariko barakora iki kibuga kitarahera

1622512_10152355548457774_1011973693_o

ifoto ya 2014 bariko baritegurira gushira ubwatsi bwa kijambere mu kibuga c’umupira w’amaguru ca Gatwaro

 

 

1655794_10152355546937774_642301198_o

Ubwugamo kumpande zose buzoba burimwo intebe abakunzi b’umupira wamaguru bazoza baricaramwo

Mu musi ya vuba tukaba tuzoshika kukibuga ca Gatwaro kugira tubereke ingene iki kibuga gisigaye gisa inyuma yo gusubigwamwo.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Leave a Reply