Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kumyaka 27 yamavuko Karim Benzema asanzwe ari  rurangiranwa mumupira w’amaguru kw’isi na cane kwari bitumwako m’umurwi nserukira gihugu w’ubufaransa  ,akongera akaba umusatirizi akomeye cane  w’umurwi wa Real Madrid  yamaze kugera mumaboko y’inzego zijejwe umutekano mugihugu c’ubufaransa.

Karim Benzema ntakindi ariko argirizwa atari ama film y’urukozasoni  bivurwa ko yagizemwo uruhara kugira isohoke kandi yarimwo amashusho ya mugenziwe Mathieu Valbuena basanzwe bakinana mumurwi w’ubufaransa .

Karim Benzema  akaba yafashwe n’igipolice  arikumwe n’uwundi nyene bivurwa kwafise uruhare mw’isohoka ry’iyo film y’urukozasoni kugira bagende gukorwaho amatohoza yo kurwego rwo hejuru ,barabe neza ko ivyo bariko baragirizwa na mugenzi wabo kwarivyo vy’ukuri.

karim Benzema:bishasha.com

Karim Benzema akaba  atarubwambere afashwe n’igipolice yagarizwa benico caha kuko no mumwaka wa 2013 yagirijwe arikumwe namugenziwe Frank Libery   basanzwe bakinana mumurwi w’ubufaransa ko bari basambanye n’umwigeme ZAHIA atari akwije imyaka 18,ico gihe Karim Benzema akaba yaciwe ihazabu yamahera agera kuri 18.0000 yamanyaburaya kugira bamureke y’idegemye.

Ifatwa rero rya Karim Benzema rije  inyuma yaho uwundi nyene barizanwa hamwe ariwe Jibrill Cisse nawe yahoze akina mw’ikipe y’ubufaransa nawe ahagarikiwe n’igipolice aziraiyo film y’urukozasoni boba barasize hanze hamwe na Benzema .


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply