Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugisagara ca Bujumbura muri zone ya Kanyosha ikukira i commune ya  Muha   ibara ryaraye riguye aho abantu binkozi zikibi bahitanye  ubuzima bw’abantu bari mubunwero ngaho mukanyosha bagera kuri  batatu (3) mugihe abandi benshi bakomeretse bimwe bikomeye.

Nkuko  abarokotse ico gitero  babivuga ,ngo haje abantu bari  bitwaje ibirwanisho kurako  kabare (bar) gasanzwe gaherereye hafi y’amashire benshi bita kwa  Buyoya, abo bantu bari bitwaje ibirwanisho basavye abari ngaho ko bokwinjira hanyuma haheze nk’iminota itarenga 2 gusa baca babateramwo grenade.

Amakuru yavuye ngaho nyene yemeza neza ko abantu bagera kuri 3 bahise bacikana ubwo nyene mugihe abandi benshi bivurwa ko bakomeretse baca banyarukanwa kubitaro CMCK vyo mukinindo ,murabo basize ubuzima murico gitero cabo babisha  harimwo nyene ako kabare  yarasanzwe azwi kw’izina rya ZAKARIYA hamwe n’umwana wiwe w’umuhungu  yariko aramufashe gucuruza muruwo mwanya.

Iki gitero kikaba cabaye mugihe hari hasigaye amasaha atagera kuri 3 gusa ngo ikiringo catanzwe ngo abantu babe bafise ibirwanisho batabifitiye uruhusha babisubize mumutekano.

Ifoto yabamwe baguye murico gitero

bishasha.com

 


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply