Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umuririmvyi asanzwe akunzwe cane kw’isi akaba n’igihangange mumuziki wa reta zunze ubumwe bwa Amerika,KANYE West arikumwe n’umugore wiwe Kim Kardashian bamaze kuronka ikibondo cabo cakabiri .

Nkuko vyatangajwe nuyu mugore wa Kanye west ,abicishije kurubuga rwiwe rwa Twitter ,Kim Kardashian yemeje ko yibarutse umwana kandi ko uwo mwana ari umuhungu.

Kim Kardashian hamwe na Kanya west bakaba bagize ubugeni mu kwezi kwa  rusama mumwaka wa 2014 ,bakaba bagize ubugeni bamaze kuvyarana umwana wabo wambere ,uyu bavyaye akaba agize uwakabiri murukundo rwabo.
Kugeza ubu rero ibi bihangange bibiri bikaba bitaramenyesha izina bizokwitwa uyu mwana wabo ,ariko bikaba binugwanugwa ko ashobora kwitwa izina ryase wa papa wa Kanya west hamwe n’irindi rya mukuru wiwe  yamubanjirije akaza kwitwa nabavyeyi biwe  North West ,ariko kugezubu akaba atazina ry’uwo mwana baratangaza kumugaragaro.

Kumyaka 35 ya Kim kardashian hamwe na 38 ya Kanye West ,aba babiri bafatwa nkabantu bakomeye kw’isi ndetse bakaba baheruka gushigwa mubantu 100 bakomeye kw’isi nikinyamakuru Magazine Time.


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Leave a Reply