Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kanyange Généviève yahoze arumwe mubakomeye mumugabwe wa CNDD FDD mumabanga yo kurongora abakenyezi (abakenyererarugamba bose bari muruwo mugabwe kurwego gw’igihugu ,yongeye kwemeza ko ibiriko birakorwa mu Burundi hariko harashirwa mu ngiro umugambi “KORA”

Kanyange Généviève yongeye kwemeza ko abapolisi birigwa barakora amaroregwa bica abantu izuba riva ko bariko barabikora muntumbero zo kwironkera ibibanza nkuko umukuru w’inama nkenguza mateka yari yabibemereye igihe yababwira ko nibahaguruka bagakora n’ibibanza vyo kubakamwo amazu bazobironka.

Umviriza mu majwi umukenyezi Kanyange Généviève

Tubibutse ko Kanyange Généviève ubu ari mubuhungiro akaba ari mubakenyezi bakuwe mumugabwe wa CNDD FDD mu kwezi kwa ndamukiza inyuma yaho yandikiye ikete arikumwe n’abandi bagumyabanga bo mumugabwe wa CNDD FDD ryasaba ryongera ryiyamiriza Petero Nkurunziza kwatosubira kwitoza.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply