Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kw’igenekerezo rya 17 ruheshi  2016 niho umurundikazi  asanzwe aba iburayi (europe) ku murwa mukuru w’igihugu  ca Espagne  muri Barcelona ,yitora akandika amajambo adasanzwe kurukuta   rwiwe ngurukana bumenyi ,aho ayo majambo yanditse  yababaje abatari bake na cane cane abasanzwe begereye intwaro y’iBujumbura .

Mu majambo Kaneza Dianne yanditse kurukuta rwiwe ico gihe yagize ati “KERA BUJA YASA NEZA ….URI VYOSE ,KUVA HATANGUYE IMICAFU …HATEYE UBWOBA…URAJA AHANTU UGSANGA HATEYE UBWOBA…AMASURA …UFFFFF…..”

Akimara kuvuga aya majambo ,ntiyigeze yoroherwa na gato n’abasanzwe bari mu butegetsi na cane cane ko bamwagiriza kwaribo yise imicafu ndetse ko basigaye bafise amasura …..

Inyuma rero yaya majambo Kaneza Diane  yasize kurukuta rwiwe rwa Facebook  akaba atorohewe na gato ndetse bikaba vyaje kumubana urudubi inyuma yaho nawe agenewe ngo arongore abarundi baba mu gihugu ca Espagne vy’imfatakibanza kuko abegereye uButegetsi batumva na gato ingene hashobora kugenwa umuntu yabatuse kwari imicafu ngwaserukire abandi .

Inyuma y’igenwa rero rya Diane Kaneza nk’uwuserukira vyimfata kibanza abarundi baba mu gihugu ca Espagne ,Diane Kaneza yahisemwo gusaba ikigongwe abababjwe n’amajambo yavuze.

Asaba ikigongwe yagize ati: “Diane est une dame,faut me connaitre,nimba mwabajajwe nivyo NAVUZE muri passe pardon mais laisse moi participer au futur du ndakora”

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kuri Facebook bitakugoye


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply