Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abandi bantu bari bubakanye bongeye kugandagurirwa mu Kamenge

Muburaruko bw’igisagara ca Bujumbura aho benshi bita kuri Gare du nord canke Mukamenge ,hahejeje kugandagurigwa abantu babiri,abo nabo akaba yari umugore n’umugabo basanzwe bubabakanye aribo NJENJE desire hamwe n’umupfasoni wiwe Kakuze Justine.

Amakuru ava ngaho hagandaguriwe abo bantu akaba avuga yuko bagandaguwe mumasaha y’umugoroba nko mumasaha ya samoya zijoro(19h) ,ayo makuru nyene akabandanya avuga yuko ababagandaguye babarashe babasanze muri boutike aho bakorera ,hama babarasa amasoro ariko nako guca bahita bacikana ako kanya nyene.

Aba kw’ifoto  hepfo akaba aribo bahejeje kugandagurwa ,aha bakaba bari bakiri mumwuka wabazima .

Imana ibakire mubwami bwayo.

12189052_1053287851388670_124173000778238922_n

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply