Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagirije i gihugu cu Rwanda gufasha abagwanyi bagwanya igihugu c’uburundi  mu ntumbero yo gushaka gukura umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hakoreshejwe umuheto canke intambara ,umukuru w’igihugu c’uRwanda yongeye kuva mugacerere agira icavuze kucegeranyo casohowe n’abahinga bishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mu kiganiro umukuru w’igihugu cu Rwanda Paul kagame yahaye,abanditsi n’ abamenyeshamakuru kuruyu wa gatanu igenekerezo rya cumi na gatatu rusama umwaka wa  2016,umukuru w’igihugu c’uRwanda yamiriye kure icegeranyo casohowe n’ishirahamwe rijejwe amahoro n’umutekano kw’isi ,ONU.

Kubwa Paul Kagame asanga ico  cegeranyo c’incabwenge z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ataho gifatiye ndetse bitakwiye kumutesha umwanya na  gato, iki  cegeranyo ca Onu casohitse cagiriza  igihugu cu Rwanda gufasha abagwanyi bari mu mashamba y’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC) kubaha amahera hamwe n’ibikoresho vya gisirikare hamwe no kubakoresha amakarashishi ya gisirikare.

Paul Kagame yanashitse na kure aho yaneguye cane abo bahinga bishirahamwe mpuzamakungu ONU ,ndetse anemeza kwivyo bakoze atakamaro bifise ahubwo ko borondera ikindi gikorwa bokora hakuguma bahuma amaso amakungu.

Paul Kagame yabandinije amenyesha ko igikenewe kugira ikibazo c’uBurundi gitoregwe umuti aruko   abarundi bofata muminwe ingorane z’ikibazo cabo bakagitorera inyishu ubwabo batagumye bashaka guhigira umuti ahandi muzindi mvo zidafashe zo hanze y’igihugu.

Iki cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amahoro n’umutekano kw’isi kije inyuma y’ibindi vyinshi vyagiye bisohorwa n’amashirahamwe y’igenga aho nayo yagenda aragiriza igihugu c’uRwanda gukorana nabashaka gutera uBurundi hamwe no guhungabanya umutekano w’uBurundi hatibagiwe guha imyimenyerezo ya gisirikare impunzi zahungiye mugihugu c’uRwanda


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply