Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abanyarwa 3 harimwo abagabo babiri (2)hamwe n’umukenyezi umwe afise umwana akiri muto cane w’amezi umunani ,bankiwe guhonyoza ikirenge kubutaka bw’uRwanda ,bazira kuba bari mu mugabwe urwanya ubutegetsi bwa Kagame.

Aba bankiwe gushika mu gihugu cabo nabayoboke b’umugabwe ” Ishema” utavuga rumwe na Reta y’uRwanda bari barongowe na  Padiri  Thomas Nahimana Umunyamabanga Mukuru wuwo mumugabwe “Ishema”umwe mu migabwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’uRwanda warumaze igihe ukorera hanze y’igihugu c’uRwanda.

Padiri  Thomas Nahimana arikumwe n’abandi banwanyi  buwo mugabwe bari bafashe ingingo yo gutaha mu gihugu cabo  kugira baje gukorera ibijanye na Politike mu gihugu cabibarutse ,bongere bategure neza amatora yumukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2017.

Padiri  Thomas Nahimana ,asanzwe ari umunyamabanga mukuru wuyu mugabwe yari yamenyeshe ,kwariwe azoserukira uwo mugabwe mu matora yo guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu yimirije kuba mu mwaka wa 2017.

Naho uyu mugabo yarafise izo ndoto zo guhiganwa na Kagame murico kibanza ,amahigwe yiwe asa naho ari kurushi kubera yankiwe guhonyoza ikirenge mu Rwanda .

Padiri  Thomas Nahimana akaba yamenyesheje ko abajejwe ikibuga c’indege ca  Jomo Kenyatta i Nairobi babamenyesheje ko itegeko ryo kubabuza kubandanya urugendo ryavuye i Kigali ndetse kwataco bobafasha mugihe igihugu cabo kidashaka ko bahonyoza ikirenga kubutaka bwaco.

cyfjxnbxaaatnbu

Inyuma yigihe kingana n’umusi wose bari mukibuga c’indege ca Jomo Kenyatta i Nairobi ,aba bose uko ari bane bahsemwo kuryama ku ntebe zagenewe abakira rugendo ziri kukibuga c’indege ca Jomo Kenyatta i Nairobi

cydxeb2xeaas0tw

Amakuru ava iNairobi amenyesha ko uyu mukenyezi yahisemwo gusubira inyuma kubera umwana w’uruyoya yarafise.

Aba bose rero bakaba bankiwe kwinjira mu gihugu c’uRwanda mugihe bari bafise ivyangobwa (VISA)bibemerera gufata indege ibashikana mu Rwanda ,ariko ubutegetsi bwa kigali bukaba bwase ko bahonyoza kirenge kubutaka bwabo.

Naho ibintu biruko aba aba bagabo babiri  barahiye bararengwa ko batarota basubira inyuma badashitse mu gihugu cabibarutse ,gusa  uyu mukenyezi hamwe n’umwana wiwe bafashe ingingo yo gusbura inyuma iyo bari baje bava ,ivyo kuja mu Rwanda baba barabihagaritse.

Fyonda ngaha ubandanye uronka amakuru yacu bitakugoye kuri facebook


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu, Politic

Leave a Reply