Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Jenifer Lopez  wimyaka 46 yamavuko  abandanya atangaza abantu benshi ,mukwiyambika ubusa mubiteramo abandanya akora ,Mugiteramo yariko arakorera muri reta zunze ubumwe bwa Amerika  , Jenifer Lopez yongeye gukora igiteramo yambaye impuzu zimwambika ubusa ndetse anahenera abari baje murico giteramo ciwe.

Jenifer Lopez  yakoze ico giteramo arikumwe n’umurwi wiwe wabatamvyi  usanzwe umufasha gukora ibiteramo hirya no hino kw’isi, kuriyo ncuro Jenifer Lopez  yari yateramiye abakunzi biwe bo mugisagara ca Miami  muri reta zunze ubumwe za Amerika ,ariko Jenifer Lopez  akaba yaje gukora ibintu vyatangaje abantu benshi aho yitaje agahenera abari baje mwico giteramo ciwe.

 

 

Iri rero rikaba ritabaye urwambere Jenifer Lopez akora ibintu nkibi biteye isoni kuko no mumezi aheze Jenifer Lopez  yaciwe   amande(ihadabu) n’ubutungane bw’igihugu ca Misiri aho bwamuhanye kubera yaje gukorera igiteramo murico gihugu ariko ntiyubahirize imico yabo basanzwe bagirako .

Uku guhena kw’uyu mu mama(Jenifer Lopez) asanzwe anafise abana babiri kuguma kubabaza abantu benshi harimwo n’abakunzi biwe basanzwe bamushigikira muvy’umuziki  kuko benshi bamunegura cane kuko yiyambika ubusa kandi asanzwe ari umuvyeyi w’abana babiri .

 


Categories: Umuziki

Leave a Reply