Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Jeff Ole Kishau azwi cane kukuba atunze ubusho bwinka nyishi cane yaheruka kuguva yuko ashaka guha BALACK Obama inka zishika canke zirenga 500 kugira amwemererere ko yotwara umukobwa wiwe Malia Obama,uwo mugabo yari yavuye mugisagara abamasayi basanzwe babamwo aza kuraba kuwo yakunze malia obama yoba yaje kugira indoto ziwe zicike ukuri
Jeff Ole Kishau yishikiye mugisagara ca Nairobi yambaye imyambaro yaba massai aje kuraba ko MALIA OBAMA yoba yazananye nase wiwe kugira abashe kumuha ubwo busho bw”inka 500
Nkuko bitangazwa nimboneshakure yaho muri kenya K24 ,ngo Jeff Ole Kishau yashitse mumasaha yo mugitondo ngaho mugisagara ca nairobi azanwe no kuraba ko umukobwa yakunze asanzwe avyagwa numukuru wigihugu ca reta zunze ubumwe bwa amerika ko yaje kugira abashe kumuha ubusho bwinka 500 ,ngo abashe kumwemera ko yomubera umugore . Nkuko iyo mboneshakure ibandanya ibivuga ,ngo uwo mugabo Jeff Ole Kishau yaje azananye nabandi bagenziwe basanzwe bafadikanije kworora inka aho basanze baba ,ariko ngo bakaba baje gutangara banagenda bafise agahinda kenshi kuko ngo basanze umukobwa bari baje kuraba atigeze azanana nase .
Jeff Ole Kishau ngo yari yaje yiteguye ,aje aznye ninka zirenga 500 kugira ace avaho yisabiye umugeni
Kubwa Jeff Ole Kishau wewe ngo yababaye cane kubona asanga uwo yakunze “Malia obama “atazananye nase kuko ngo yari yamwiteguriye bikwiye kandi ko yari yiteguye no kumuha ubwo busho bwinka zirenga 500 kugira abashe amubere umugore,uwo mugabo rero Jeff Ole Kishau akaba yamenyesheje yuko kuriwe ari agahinda kadasanzwe cane kubona adashoboye kubona wo asanzwe akunda “Malia obama”
Jeff ole yavuze kwashaka gutanga inka 500 kugira atware umukobwa wa OBAMA ngo yishwe nagahinde asanze Obama atazananye numukobwa wiwe muri Kenya

Leave a Reply