Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe intumwa 15 z’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kubungabunga amahoro n’umutekano kw’isi (ONU)zashitse i Bujumbura kumugoroba wo  kuruyu wa kane igenekerezo rya 21 nzero 2016 zibandanya zibonana n’abanyacubahiro batandukanye harimwo abari mu ntwaro n’abigeze kuba bafise uruhara rukomeye muri Politike y’uBurundi.

Mu mubonano izo ntumwa zagiranye na Jean-Baptiste Bagaza( yatwaye uBurundi kuva mu mwaka 1976gushika 1987 )arikumwe na  Domitien Ndayizeye( yatwaye uBurundi kuva mu mwaka 2003gushika 2005 ),aba  bahoze arabakuru b’igihugu c’uBurundi basavye izi ntumwa za ONU ko bokora ibishoboka vyose kugira abasirikare bari bemewe n’ubumwe bwa Africa ko burungikwa mu maguru masha kugira baze gukingira abarundi.

Kubw’uwahoze arongoye uBurundi Jean-Baptiste Bagaza yamenyesheje ko hamwe hatogirwa igikozwe  ko uBurundi bushobora kuba nk’igihugu c’uRwanda co mu myaka ya 1994 aho ubwicanyi bwahitanye abarenga 800.000 ,Jean-Baptiste Bagaza yabandanije amenyesha ko bimwe mubimenyestso vy’ubwicanyi bwerekana ko uBurundi buriko buraja mu manga vyamaze kuboneka kuko hamaze gupfa abantu benshi kuva inryane zatangura.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply