Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukuru w’umugabwe FNL bwana Jacques Bigirimana yiyamirije bimwe bikomeye umunyamabanga w’ishirahamwe rya Africa y’Ubuseruko,Richard Sezibera ndetse anasaba kwatosubira no gutumirwa mu biganiro vyoba biriko birahuza abarundi.

 Mukiganiro  umukuru w’umugabwe FNL ,Jacques Bigirimana yashikirije abamenyesha makuru kuruyu wa gatanu igenekerezo rya Nzero 2016,Jacques Bigirimana yavuze ko Richard Sezibera yerekanye aruhari rukomeye neza kwafise aho ahengamiye kuko yumviriza bamwe abandi akabirengagiza.
Jacques Bigirimana kw'ifoto

Jacques Bigirimana kw’ifoto

Jacques Bigirimana yabandanije yemeza ko mugihe bari bitavye iBiganiro mugihugu ca Uganda ko imbere yuko ibiganiro bitangura abari mu murwi utavuga rumwe na Rata ko babanje kuvugana na Richard Sezibera kandi biba bisanzwe bitemewe n;amategeko agenga ibiganiro.
Umukuru w’umugambwe FNL  yabandanije amenyesha asaba kw’abarundi bakwiye kumenya ko hagati y’Uburundi n’Urwanda ibintu bitameze neza, kandi ko Sezibera ari intumwa yatumwe n’Urwanda kuyihagararira muri EAC ari umwe mu barongozi bakomeye mu mugambwe uri ku butegetsi mu gihugu c’Urwanda FPR.
Umukuru w’umugabwe FNL bwana Jacques Bigirimana  yasavye umukuru w’igihugu ca Uganda bwana Museveni kudasubira gutumira Richard Sezibera, agasaba kandi umukuru w’inama y’ibihugu vya EAC kudasubira kurungika umunyamabanga wayo Richard Sezibera ngo ayiserukire.
sezibera Richard kw'ifoto.

sezibera Richard kw’ifoto.

Ibi bikaba bikurikiye umubano mubi wari umaze imisi itari mwiza hagati y’uBurundi hamwe n’uRwanda ndetse uyu nyene Richard Sezibera akaba yari yaravuzwe mumisi yahera kwariko arakora ibishoboka vyose ngo akure uBurundi mumuryango w’ibihugu vya Africa y’ubuseruko hamwe n’ugukura  uBurundi mubihugu  bihabwa imfashanyo n’igihugu c’ubudagi.
………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply