Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yoho Willy Nyamitwe  umuhanuzi mukuru muvyo gutangaza amakuru mu bureau vy’umukuru ‘igihugu ategewe   umutego n’abitwaje ibigwanisho ariko akarusimba,benshi mu banyepolitike na cane cane abasanzwe bari mu kwaha k’ubutegetsi babandanya bagira ico bashikirije ndetse bamwe bakagenda bagira imigwi bagenda begekako ico gitero.

Kubwa Jcques Bigirimana asanzwe arongoye umugabwe FNL ,wemewe imbere y’amategeko yatunze urutoke abari murunani Sindumuja kwaribo bashatse kugandagura umuhanuzi mukuru muvyo kumenyesha amakuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu ,bwana Willy Nyamitwe.

Avugira kuri Radio Bujumbura International ,Jacques Bgirimana yamenyeshe kwatabandi bashaka kugandagra ,Willy Nyamitwe atari abasanzwe bari mu murwi wiyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu bazwi nka Sindumuja.

bigirimana-jacques

bigirimana-jacques umukuru w’umugabwe FNL

Jacques Bigirimana akaba yabandanje atunga urutoke n’urunani CNARED giriteka nabo abagiriza kuba mu bujuju budasanzwe bwo kuguma bashaka kwisamburirako.

Umviriza mu majwi Jacques Bigirimana.

Fyonda ngaha ubandanye uronka amakuru yacu bitakugoye kuri facebook


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply