Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Edgar LUNGU asanzwe arongoye igihugu ca ZAMBIA  kuva mukwezi kwa Nzero mumwaka wa 2005 yasavye abanyagihugu biwe ko boja hamwe bakisonzesha  bakongera bagasenga cane kugira Imana ikure igihugu cabo mubibazo bikomeye vy’ubutunzi igihugu cabo  kiriko kiracamwo muriyi misi.
Ibi vyose akaba yabikoze inyuma yaho ifaranga ryabo risanzwe ryitwa kwacha rutereye agaciro ibice birenga 45%
Kuva muntango zumwaka ifaranga rya Zambia rigenda rita agaciro umusi kumusi ,ndetse ubu abahinga bakaba bamaze kwerekana ko rimaze gukoroka ibice bingana na 45% ugereranije nifaranga ryabanyamerika ,Imbere yabantu barenga ibihumbi 5000 harimwo nabahoze barongoye ico guhugu ca zambia ,muri parc ikomeye cane iherereye muri LUSAKA ,EDGAR LUNGU yagize ati”MURAZI MWESE KO IMANA ARI URUKUNDO ,KANDI KO YUMVA ABAYISABA ,NDABASAVYE MWESE MUKORE IVYO MUSHOBOYE ,MUSENGE HAMA IBINDI MUBIREKERE IMANA YIKORERE” EDGAR LUNGU yemeje ko mugihe bose boja hamwe bagasenga Imana babifise kumuzirikanyi kwatakibuza kw’IMANA yokiza igihugu cabo kikava mukibazo yise ko arico kiri imbere mubibazo biraba igihugu asanzwe arongoye .
EDGAR LUNGU akaba yasavye ko ububare bwose bwoza burugurura 6h zumugoroba ,kandi ko buri musi wa mungu ko boza barisonzesha bagasenga kugira Imana ibakize ico kibazo
Ingingo zafashwe na bwana EDGAR LUNGU zubahirijwe cane mugihugu cose ,ndetse ninkino zumupira wamaguru zari ziteguwe mugihugu ca Zambia kumusi wa mungu zikaba zasibijwe,kugira bazohebere uwo musi amasengesho gusa. Igihugu rero ca Zambia kikaba gisanzwe kigizwe nabachrist barenga ibice 85% ,gukora ivyo uwo mu perezida wabo yabasavye bikaba vyoroshe gutahurwa cane nabanyagihugu benshi asanzwe arongoye.
Uruzuba ngo rwabaye rwinshi mugihugu ca ZAMBIA yoba yabaye inkwezi yamarere yico kibazo.
Ikibazo Zambia irimwo rero akaba atarico amahera ariko arata agaciro gusa ahubwo nuruzuba rwinshi rwatumye amazi abura bica bituma ingomero zumuyaga nkuba zikama,ivyo bica bituma amahinguriro amwe amwe ahitamwo kwugara ayandi yirukana abakozi kuko batari bakironka umuyagankuba ukwiriye wo gukora. Tubibutse ko Zambia arico gihugu cari gisanzwe gifise amahera afise agaciro mubihugu vyo musi ya SAHARA mugihe ihera rimwe ryamanyamerika ryahora rivujwa amahera yababa 6 gusa ariko ubu rikaba rigeze kuri 12.

Leave a Reply