Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Iyi reresi ( film) mubisanzwe isanzwe yitwa DOS(Division des Opérations Spéciales) isanzwe iri murukurikirane rw’amareresi yo muri reta zunze ubumwe bwa Amerika isanzwe igizwe n’uduce 22 twiminota 42 kuri kamwe kwamwe.

Iyi reresi yo murukurikirane rwa DOS yakinwe na David McKenna na Ken Robinson ibihangange bibiri mugukina amareresi kw’isi .

Iyi reresi yerekanwe kumboneshakure nyishi cane zo mubihugu bitandukanye harimwo n’imboneshakure iheruka kwerekana amasanamu y’ubwicanyi ivuga kwari mu Burundi.

Kw’itariki 3 z’ukwezi kw’icenda mu mwaka wa 2006 iyi reresi yerekanwe mu gihugu c’ubufaransa kuri Televison yabo France2,hamwe no kuri France3 (iyi france 3 akaba ariyo mboneshakure iherutse kwerekana amasanamu y’ubwicanyi yavuga ko yabereye mu Burundi ariko munyuma bakaza gusaba ikigongwe basanzw aya masanamu atafatiwe mu Burundi.)

Kw’igenekerezo rya 8 z’ukwezi  k’umunani 2007 iyi reresi yatanguye kwerekanwa kumbonesha kure yo mugihugu ca CANADA ku murongo wa Historia .

Kw’igenekerezo rya 21 z’ukwezi kw’indwi 2008 iyi reresi (film) niho yatangurwa kwerekanwa mugihugu c’uBubirigi  kuri kumbonesha kure ya RTL-hamwe na TVI.

Mubisanzwe iyi reresi isanzwe ifise uduce twinshi cane tuyigize aho aba bakinyi bayikinye bagenda bakina ibiba mu bihugu bitandukanye.

Murivyo bice bagenda bakina muriyo reresi ,igihugu c’uBurundi cakinweko igice c’ijana na kane (104)kijanye ni vya Genecode yagira ikoregwe Abatutsi nkuko murico gice ciyo Film kibivuga.

1:Muriyi reresi mugice cayo c’ambere kurukurikirane rw’ijana na kane(104) havugwamwo ivyerekeye ihonyabwoko ryari rigiye gukoregwa abatutsi ,ndetse hakerekwanamwo imipanga yarijanwe gukora ico gikorwa.

Raba Video musi

2:Umugabo yari yabonye iyo mipanga yaciye yihutira kurungikira ubutumwa reta zunze ubumwe bwa Amerika mukubamenyesha ko hagira habe ihonyabwoko mu Burundi.

Ubu butumwa bugeze mu reta nzunze ubumwe bwa Amerika ,umwe mubakora murubwo buserukizi yamenyesheje ko uwarungitse ubwo butumwa asanzwe ari umwene gihugu w’uRwanda yarokotse ihonyabwoko rya 1994 mu Rwanda,kandi  kwanatinya ko ivyabaye mugihugu iwabo vyoshobora kuba mu Burundi.

Muriyo reresi nyene bivugwa ko uyu mugabo yarungikiye ubutumwa reta zunze ubumwe bwa Amerika ko yari yarabuze abakobwa biwe babiri mw’ihonyabwoko ryabereye mu Rwanda mu mwaka wa 1994.

Raba Video musi

3:Inyuma yivyo vyihonyabwoko tugaruke kuvyerekeye interahamwe zivugwa mu Burundi.

Muriyi Reresi nyene havugwamwo umusoda yitwa Steven Ndeke ,yari yakoze ihonyabwoko mu Rwanda akaza guhungira muri CONGO mu nyuma akaza mugihugu c’uBurundi aho naho yariko arategura gukora irindi honyabwoko.Aha nyene havugwamwo ivyirekeye amakambi atatu akomakomeye ya Gisirikare yagira afatwe nuwo musoda wo kugwego rwo hejuru yitwa Ndeke .

>>>>>{Ibi vyinterahamwe ko zoba ziri mu Burundi ,kiri muco reta y’uRwanda ikunda kwagiriza uBurundi ko babitse   interehamwe zavuye muri Congo  ndetse n’ikinyamakuru (igihe.com) candikira mu rwanda caraye cemeje ko Amerika ifise ibimenyetso ko interahamwe zakoze ihonyabwoko  mu Rwanda ko  ziri mu Burundi}

Raba Video musi

4:Muriki gice ca Kane ,havugwamwo igandagurwa ry’umusirikare yarakomeye cane w’ipeta rya General yitwa Steven Ndeke yafatwa nk’interahamwe ikomeye yari yishe abantu benshi mu Rwanda mu mwaka wa 1994 ,uyu musirikare w’ipeta rya General akaba yaje kwicwa n’umusirikare mugenziwe w’ipeta rya Kapiteni mugihe uyu mu Captaine nawe yagandaguye Steven Ndeke yaciye yitswa n’abari basoma mbike ba Steven Ndeke.9

Raba Video Hasi.

Inyuma yiyi Film rero ibibazo vyo kwibaza ni vyinshi cane kuko umuntu wese arashobora kwibaza ibibazo bikurikira:

1:kuberiki hakinwe ireresi ivuga itegurwa ry’ihonyabwoko mu Burundi imbere y’imyaka 7 yuko mu Burundi Bivugwa.

2:Kuberiki abakinye iyi reresi bagiye bakoresha amajambo ubu aboneka mu biriko birabera mu Burundi:Iyi film harimwo amajambo nko”Gukora ryateje ikibazo gikomeye mu misi yahera”harimwo ijambo “Amakambi atatu akomeye ya Gisirikare yagira afatwe”harimwo ugicanamwo kw’abasirikare munyuma umu captaine akarasa umu General”

3:Mbega ibi vyose ntivyoba bifitanye isano nibiriko biraba mu Burundi?

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Muhira

Leave a Reply