Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Atagihe c’imisi ibiri iheze umugabwe UPD Zigama Ibanga umenyesheje ko usubiye murunani CNARED Giriteka ,umushingamateka Hussein Radjabu bikundwa kuvugwa kwafise uruhara rudasanzwe muruwo mugabwe ndetse kwari mubavuga rikijana naho abarizwa mu Buhungiro ,yashikirije amajambo yatangaje benshi ndetse agirako anamenyesha ko CNARED Giriteka arabansi babo.

Ibi yabioze abicishije kurubuga rw’iwe ngurukana bumenyi Facebook nkuko akunda kubikora mugihe aba ashaka gushikiriza ubutumwa butandukanye.

Umushingamateka Hussein Radjabu yashikirije aya majambo akurikira:

MBEGA ABARONGOYE CNARED !BASHAKA KO ABAGUMYABANGA BARAZWA ISHINGA N’IYUBAHIRIZWA RY’AMATEGEKO DUSUBIRA KUBAHA UMUCO ?

KO UMENGO IVYO TWASHIKIRIJE BIRATOMOYE !

CNARED s’abansi bacu,ni nk’uko tudacuditse nabo ! Urugamba abatari bake bari muri yo barimwo ntiturusangiye .Baramaze kubisigura bo nyene akatari gake ko abagumyabanga barazwa ishinga n’iyubahirizwa ry’amategeko ko ari abategerezwa guhambwa imbere ya karya karwi ka PETERO NKURUNZIZA.
Muri CNARED ntituzi ivyo barimwo,ntitunakurikirana ivyo barimwo. Bovuga ko abagumyabanga tubatobera gute ? Umuhuza Benjamin William Mkapa yarabagendeye mu BUBIRIGI arababaza ko hari ico dusangiye bararahira ngo ntituri mu murwi w’abagwanya ubutegetsi . Bobo ngo nibo bagwanya ubutegetsi nayo Hussein RADJABU ngo yifitiye ibibazo vyiwe na Petero Nkurunziza vyoba bitajanye na Politike.
Nibaje mu bikorwa vyabo,abanywanyi babo babereke umwimbu batitwaje ngo iyo bakaba abagumyabanga barazwa ishinga n’iyubahirizwa ry’amategeko baba bageze kure.
Tuzi amanyanga menshi. Tuzi vyinshi bijanye n’umugera uri muri urwo runani,ariko turirinda no gucira amate hasi ntihabe urwitwazo. Abagumyabanga turazwa ishinga n’iyubahirizwa ry’amategeko kuba twararezwe n’umugambwe CNDD-FDD natwe tukawushikana aho wageze ni caba ari icaha turavyemanga kuko ijuru rya CNARED ntaryo,nta rizopfa ribonetse aho turaremye.
Pancrace Cimpaye aja kugisha muri MSD turasavye imbabazi uwo mugambwe kugira ntuze wigere utuziza imigenderanire mibi ku giti ciwe yari afitaniye n’abagumyabanga barazwa ishinga n’iyubahirizwa ry’amategeko. Twabicishije mu muhora wa facebook tuvyemanga turi mu nvuto n’aho bitari vyoroshe.Arazwi ko ari umuhinga mu kurondera ama dosiye akamisha.Ari ayega ubutegetsi yamara kuronka infyufyu akayahamba bukeye akarondera ayandi .
Nta mugumyabanga azopfa abereye umuvugizi n’aho hoba ari mu runani urwarirwo rwose.
UMUNWA UVA MWO IBINYOMA AKATARI GAKE, N’AHO WOVA MWO UKURI RIMWE NTA GACIRO GUHABWA. NIHO HARI URUHOMBO RW’ABO AVUGIRA CANKE ABAMWIZEZA IBANGA.
Hari abavuga ngo muri politike ngo n’amacenga; sivyo mu bisanzwe s’uko .Politike n’ukugendera ukuri n’ingingo maze hari ingorane zigakosorwa . Uguhaba,uguhababuka canke uguhababukira amaronko ntivyubaka politike nziza ahubwo birasambura.
Aba CNARED baradutunga kandi bareme.Muribo hari abakunda igihugu vyarashika canke hari aho bishika tukabona kumwe. .Nibaba bari mu nzira nyayo baroranirwe .Ico mu runani rwabo bategerezwa gutahura n’uko badahagarariye abanyepolitike canke imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Bahagarariye abari kumwe mu runani rwabo kandi basabwe kwihanganira abo bose bari mu mugambi w’amahoro n’aho boba badasenyera ku mugozi umwe.
Muribo hari abatovyi. Iyo hagize abemanga kubaca kure babatahure ntibabigire icaha.
NTAUTINYA ISHAMBA ATINYA ICO VYAYIHURIYE MWO.
IYI N’INYISHU KU BASHAKA GUHENDA ABANTU NGO HARI UGUSITANA HAGATI Y’ABAGUMYABANGA N’ABA CNARED. NTIYATOMOWE KU MPANVU BAMWE N’ABANDI BATAYOBEWE ARIKO ABAFISE AMATWI BUNVISE.

.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply