Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

12341287_10208511704578909_4125428298388863319_nInyuma yo gusubiramwo Ururimbimbo rwa Beyonce rusanzwe ruzwi nka Halo ,umurundikazi Iterineza Christa (Audrey ) yasubiyemwo iyo ndirimbo yamaze kuba icamamare kumugabane wa Afrika.

Mugihe haheze umusi umwe gusa ,iyo video ntoya cane  igiye hanze ,amwe muma page yo kuri Facebook aguma yerekana iyo Video abanwanyi bayo kandi bakayikunda kubwinshi.

Audrey ntiyatangaje abo gusa ,ahubwo n’iyindi page isanzwe ikorera kuri Instagram ,izwi nka Africagirlskillingit” ,aho iyi Video ya Audrey imaze kugira abayikunze barenga 3200

Raba ifoto hasi twakuye kuri Instagram 

1ebf0f29-6740-4737-a13d-04a6eb3ba883

Abantu benshi rero bakaba bagiye basaba ko ababishoboye bogira ugu sharinga (partage)kubwinshi paka nyene Indirimbo bwite Beyonce akabona aka kavideo kugira abone impano idasanzwe yuyu mwigeme.

Ahakabiri yerekanwe ni kuri Page yomugihugu ca Nigeria isanzwe ikundwa cane kuri Facebook iyo nayo ikaba isanzwe yitwa “WE AFRICAN NATIONS”,iyi page mubisanzwe isanzwe ikurikigwa n’abantu bashika 570.000.

Mugihe iyi Page yashira iyo Video ya Audrey kuri page yayo hadaheze amasaha arenga ane ikaba yarimaze kugira ama sharing arenga 2000,imazwe kurabwa n’abantu bagera kubihumbi  66,700.

Abantu bakaba bagiye avuga amajambo menshi kumpano y’uyu mwigeme ndetse benshi bakaba bagiye banasaba ko bobaronsa umwidondoro wiwe nigihugu avamwo,mugihe abandi batigeze bemera ko ijwi ryariko rirasohoka ari uryuwo mw’igeme ,ndetse bamwe batangura kuvuga ko yoba ari montage bamugiriye .

Raba iyo video uko yagiye irarabwa cane ,abantu bakanatangazwa cane niyi mpano yuyu mw’igeme w’umurundikazi

Kandi ntiwibagire kugira Sharing kuko dushaka ko impano ya Audrey itopfa ubusa ,tugerageze kubitanga ahashoboka hose .

Raw talent simply amazing

Posted by We African Nations on Friday, December 4, 2015


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Leave a Reply