Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’igihe kitari gito  ibiganiro vyarahagaze hagati yabatwara uBurundi hamwe nabo batavuga rumwe mu vya Politike y’uBurundi hamwe no mu ryane ziri mu Burundi ,kuy’indi ncuro ivyo biganiro bigiye kwongera gutangura kumugaragaro bihagarikiwe n’umuhuza mushasha yagenwe n’abakuru bibihugu vy’ubumwe bwa Africa y’ubuseruko.

Nkuko amakuru ava kumugwa mukuru w’igihugu ca Tanzania(Dar-es Salaam) abimenyesha ,aremeza neza ko ibiganiro hagati yabasanzwe barabana ayingwe mu kibazo c’uBurundi bigiye kwongera gutangura mu ntango zukwezi kuza.

Nkuko ayo makuru abandanya abishikiriza ibi biganiro bitegekanijwe ko bizotangura igenekerezo rya 2 gushika igenekerezo rya 5 rusama 2016 .

ibiganiro

Amwe mu mafoto yafashwe mugihe haheruka kuba ibiganiro mu kwezi kwa mbere igenekerezo rya 6 nzero

Naho hatavuzwe aho ibi biganiro bizoba biriko birabera murico gihe ,hatangajwe kumugaragaro ko bizoba birongowe n’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzania bwana William Benjamin MKapa.

Ibi biganiro bikaba bigiye gutangura inyuma yaho William Benjamin MKapa ahuriye n’abakuru b’ibihugu bose basanzwe bahurikiye mu muryango wa Africa y’ubuseruko ndetse akaza no kubonana n’intumwa idasanzwe ya reta zunze ubumwe za Amerika mu karere kibiyaga binini.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply