Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Munama yari yahuje abarongozi bishirahamwe ry’umupira wamaguru kw’isi yariko irabera Zerich mugihugu ca Autriche ,umwe mubarongozi bakomeye mwiryo  shirahamwe rya FIFA yakojejwe isoni n’itiro mugihe yisinzirirako kandi bari bariko barayaga kubibazo vyinkoramutima na cane cane kukibazo c’ibiturire kirangwa muriryo shirahamwe ndetse n’ingingo zofatwa kugira ugutora igihugu kizokwakira igikombe c’isi ca 2026 ntikize congere gutera ingorane nkuko itorwa ry’igihugu ca Quartar ryateje ibibazo vyishi.

Uyu yabonetse yisinzirirako kubera uburuhe bwinshi buvanze n’ugusaza ,ni Issa Hayatou asanzwe afise ubwenegihugu bwa Cameroun ,ubu akaba ariwe arongoye ishirahamwe rya FIFA vyagateganyo inyuma yaho bagenziwe bahagarikiwe kubera ukwagirizwa ibiturire hamwe nayandi manyanga muriryo shirahamwe rya FIFA.

Naho yisinziririyeko ,Issa Hayatou ,ntivyabujije ko abandanya yemeza ko mwishirahamwe rya FIFA atabiturire birangwayo kandi nawe ubwiwe nkumurongozi atabiturire asanzwe akoreramwo.

Issa Hayatou yasizwe kurubwo burongozi inyuma yaho uwahora arongoye iryo shirahamwe bwana Sepp Blatter yahora arongoye iryo shirahamwe ahagarikiwe yagirizwa kurya ibiturire ndetse anahagarikanwa na mugenziwe yarasanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira wamaguru kumugabane wa Buraya bwana Michel Platini.

Raba video hasi Issa Hayatou yisinzirirako mugihe yari mu nama

https://www.youtube.com/watch?v=8yHFdhjq1E4


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply