Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kubw’umushingwamanza Isidore Rufyikiri yari n’umwe mubari guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu kugiti ciwe mu matora aheruka ariko bikaza guhera atagiye murayo matora ,kuruhande rwiwe wewe asanga ihonyabwoko ry’abatutsi ririko rirakorwa muramwe muma karitiye abamwo abatutsi.

Mujambo Isidore Rufyikiri yashikirije kuruyu w’Imana  abicishije mu kiganiro Humura Burundi kiremeshwa n’abamwe mubamenyesha makuru ba RPA ,bwana Isidore Rufyikiri yamenyesheje yongera yemeza neza ko igipolisi mu gufata canke mukurasa cibanda ku baba muma karitiye abamwo abatutsi nka Ngagara hamwe nahandi hasanzwe hagwiriye abatutsi.

Ibi bitangajwe na bwana Isidore Rufyikiri inyuma yaho igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko cinjiriye ku wagatandatu mu zone ya ngagara Q4 kigafata abasore benshi bari muri kamwe mubunwero ,aho kibagiriza ko boba bari munama yo guhungabanya umutekano,mugihe bobo bemeza ko bariko barategura urubanza rw’ubukwe.

Isidore Rufyikiri yaneguye cane n’abacamanza baguma badindiza imanza zabamwe baba bafashwe barenganijwe ,aho akaba yabasize mumurwi wa Mpemuke ndamuke yongera abagiriza gukora bisunga igitsure ca Petero Nkurunziza kuko bakora batigenga.

Ibi rero bikaba bikurikiye ivyari bimaze amezi ashika kuri 6 uyu mushingwamanza Isidore Rufyikiri  ashikirije aho yari yavuze ko uwahoze ari President Ndadaye Melchior bamwishe kubera yariko ategura ihonyabwoko ryabatutsi mumwaka wa 1994.

Isodore Rufyikiri  rero yahoze  anarongoye urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura hama aza gukurwa ku nguvu kubwo burongozi mukwezi kwa ruhuhuma 2014 bisabwe na Leta y’Uburundi.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply