Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’imisi 12 apfungiwe mu biro vy’iperereza biri mu gisagara ca Bujumbura ,OPC2 Desire Uwamahoro yahora arongoye igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko kizwi nka (BAE : Brigade Anti-Emeute)yashikanwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba riri mugisagara ca Bujumbuura muri Komine ya umusaga, Desire Uwamahoro akaba yashikanwe mwibohero kuruyu wa kane igenekerezo rya 10/11/2016.

cwkf7qtw8aab_jz

OPC2 Desire Uwamahoro kw’ifoto

Kuja rero mumunyororo kwa Desire uwamahoro bisa nicigwa kidasanzwe kuko uyu mugabo benshi bari basigaye bita RAMBO mugisagara ca Bujumbura kubera ukuntu yaracungerewe ningene yaratinyitse, ajanwe mu munyororo atawabiziga na gato ndetse akaba asanzeyo rumwe mu rwaruka yagiye arajana muruwo munyororo nyene ubwiwe harimwo nabo ashobora kuba yararenganije.

Tubibutse ko ,OPC2 Desire Uwamahoro yafashwe yagirizwa igurishwa ry’inzahabu ridaciye mu mategeko aho vyavuzwe ko amafaranga yoba yavuye mu nzahabu yagurishije yagera kuri 330 000 yamanyamerika .

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu kuri Facebook bikworoheye

.


Categories: Amakuru, Muhira, umutekano

Leave a Reply