Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ishiramwe ryo muri reta zunze ubumwe bwa Amerika ryakoze umwamboro w’ibirato benshi bakunda kwita “Ikambambiri”ziriko ziriyamirizwa cane naba Christo na cane cane abasanzwe bafata BIKIRAMARIYA nkumuvyeyi wabandi bakenyezi bose ndetse nabasanzwe bemera Yesu Christo nkumukiza wabo.

Ibi birato vyo mubwoko bwa kambambiri vyatanguye kwiyamirizwa nabantu inyuma yaho ishirahamwe rizwi nka ” American Eagle”rizishiriye kumugaragaro ndetse rikanemenyesha ko rigiye gutangura uzigurisha kumugaragaro.

Izi kambambiri rero zikaba zabonetse zifise igishushanyo ca BIKIRAMARIYA hamwe nica YESU CHRIST ndetse ivyo bishushanyo vyose bikaba biri ahasanzwe hahonyorwa mugihe umuntu yambaye ikambambiri.

Izi akaba arizo kambambiri ziriko ziriyamirizwa nabasanzwe bemera YESU CHRISTO hamwe na BIKIRAMARIYA

Izi akaba arizo kambambiri ziriko ziriyamirizwa nabasanzwe bemera YESU CHRISTO hamwe na BIKIRAMARIYA

Aba biyamiriza iri shirahamwe rero bakaba basanga iki gikorwa cakozwe niri shirahamwe gisa naho ari akagaye ndetse ko ari ukudasonera ayandi mashengero kuko bitumvikana ingene ishirahamwe rikomeye nka  American Eagle ryokubahuka gukora ico gikorwa kigayitse.

 


Leave a Reply