Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ishengero rya Protestante mu gihugu c’uBubirigi ry’uguruye imiryango kubavugabutumwa(pasteurs) basanzwe bahuza ibitsina nabo babisangiye (homosexuels)kuba mu muryango wiryo shengero bakongera bakigisha ijambo ry’Imana atankomanzi.

Ibi vyatangajwe n’inama nkuru y’abavugabutumwa ba Protestante murico gihugu c’uBubirigi kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 ruheshi 2016 aho bari bahuriye mu nama yo kwigira hamwe ingene boreka gufata abasanzwe bahuza ibitsina babisangiye nkingorane mw’ishengoro ryabo.

Ibi vyashitsweko inyuma yumubonano udasanzwe wabasanzwe barongoye iryo shengero mu bice vyose vy’igihugu aho bari batumiwe kugira bige ico kibazo ,aho bari bihaye ihangiro rivuga ngo”Homosexualite et Pastorat”

Ku bwa Steven H asanzwe akuriye uwo muryango  w’idini rya Protestante murico gihugu c’uBubirigi yamenyesheje kwari umunezero udasanzwe kuribo kubona bashitse kurico gikorwa kuko ikibazo cabahuje ibitsina kitari gukwiye kuba ingorane mw’idini ryabo.

172722847_B975808611Z.1_20150614202801_000_GFK4M90F9.1-0

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

Categories: Amakuru, Gospel, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply