Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kumyaka 68 ,Ivan Zvonomir ajejwe guharanira agateka kazina muntu mugihugu ca Croitia yakojejwe isoni n’ipantaro yari yapfunze nabi mugihe yariko arahabwa agashimwe n’umukuru w’igihugu wa Croitie.

Naho ivyishimo vyari vyinshi kuri Ivan Zvonomir ,ivyari  umunezero kuruyu mugabo bisa nivyaciye bimuviramwo ukumaramarira imbere y’abanyamakuru inyuma yaho ipantaro imukorokanye imbere yisinzi ryabamenyesha makuru.

Abazwa inyuma yiryo sanganya ryamushikiye bwana Ivan Zvanomir yamenyesheje ko ivyamushikiye bibabaje cane ariko yongera yihagararako anavuga ko atarisi imuguyeko ko ari isanganya kandi nueundi wese vyomushikira.

Ivan Zvanomir akaba asanzwe arongoye ishirahamwe rya Helsinki ryo mugihugu ca Croitie ,iryo naryo rikaba rijejwe ivyagateka kazina muntu murico gihugu.

Umukuru w’igihugu ca Croitia akaba yari yahisemwo kubaha ubwo bushimwe abakeza inyuma yuko umusi mpuza maungu wagateka kazina muntu utangura,uwo nawe ukaba usanzwe uba buri mwaka itariki 10 kigarama.

Raba hasi amafoto yingene ipantalo yakojeje isoni Ivan Zvanomir

cr


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply