Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho ibihugu bibiri rudende muri Africa bitangarije ko bivuye muri sentare mpuzamakungu y’iLahe CPI (Cour pénale internationale),ibindi bihugu vya Africa bibandanya bimenyesha ko navyo bikuye akarenge muriyo sentare ,abakuru b’ibihugu vya Africa bakunda kwagiriza ko yashinzwe kugira izoze irarenganya abategetsi ba Africa.

Kuyindi ncuro habonetse ikindi gihugu kimenyesha kumugaragaro ko kivuye muriryo Sentare mpuzamakungu CPI ( Cour pénale internationale) ,ico naco sikindi ni kimwe mubiguhu vyiganjemwo aba islam benshi muri Africa arico Gambia .

Babicishije kumushikiranganji wabo wo gutumatumanako amakuru,bwana Sheriff Bojang ,igihugu ca Gambia gisanzwe gitwarwa na Yahya Jammeh kuva mu mwaka wa 1996 camenyesheje ko naco kivuye mwiyo sentare mpuzamakungu CPI(Cour pénale internationale)

Sheriff Bojang ,umushikiranganji w'ugutumatumanako amakuru mugihugu ca Gambia

Sheriff Bojang ,umushikiranganji w’ugutumatumanako amakuru mugihugu ca Gambia

Avugira kumboneshakure nkuru ya Gambia ,Sheriff Bojang yamenyesheje ko  igitumye igihugu ca Gambia gishaka kuvavanura niyi sentare mpuzamakungu ,ngo kwaruko iyo sentare  isa niyashiriweho kurenganya abatware ba Africa na cane cane abakuru b’ibihugu baba batacumvikana nabimwe bimwe mubihugu vy’ibihangange kw’isi.
Gambia  kibaye igihugu kigira 3 kimenyesheje kumugaragaro ko kivuye muriyo Sentare mpuzamakungu ,inyumma y’ibihugu nk’uBurundi hamwe na Africa yepfo.
Aha twobibutsa ko n’ibindibihuguharimwonka Uganda hamwena Kenya navyo ko , vyamenyesheje ko uyumwakauzoheranavyovyamazekuvavanuraniyiSentarempuzamakungu CPI (Cour pénale internationale).
.

Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu, Politic

One Response so far.

  1. pacifique says:

    Ibivamwo biracaza ni bahumure gusa

Leave a Reply